Amakuru
17 mars 2021

Abantu 9 nibo bamenyekanye ko bagandaguwe, muribo 4 batorwa ari ibiziga, abandi bagera ku 8 barahagarikwa hadakurikijwe amategeko

Abantu 9 nibo bamenyekanye ko bagandaguwe, muribo 4 batorwa ari ibiziga, abandi bagera ku 8 barahagarikwa hadakurikijwe amategeko. Ivyo bitigiri tubisanga mu cegeranyo gisohoka ku ndwi ku ndwi c’umuhari Iteka. Kubwa Anschaire Nikoyagize, arongoye umuhari Iteka, bamwe muba polisi, Imbonerakure, n’abajejwe intwaro, nibo batungwa agatoki mu bakekwa gukora ayo mabi ahonyanga agateka ka zina muntu.