Amakuru
8 juin 2022

Abantu 9 ni bo bishwe nk’uko biri mu cegeranyo c’umuhari Iteka

Abantu 9 ni bo bamenyekanye ko bagandaguwe mu kiringo co kuva ku wa 30 Rusama gushika ku wa 05 Ruheshi 2022. Icegeranyo c’umuhari Ligue Iteka kirerekana n’ayandi mabi yakozwe muri ico kiringo. Ni nk’umwigisha Gédéon Nimbona yakubaguwe n’abanyeshure b’Imbonerakure azira ko yababujije gutegura indirimbo bavuza urwamo.