Amakuru
16 mars 2022

Abantu 9 barishwe mu ndwi iheze, ibiraje ishinga Ligue Iteka

Bamwe mu rwaruka rw’Imbonerakure, bamwe mu gipolisi, hamwe na bamwe bari mw’iperereza n’ubu bakaba ari bo cane cane bagirizwa ko bagikora ubwicanyi bubandanya mu gihugu. Mu cegeranyo cawo co mu ndwi iheze, umuhari ligue Iteka umenyesha ko abantu 9 ari bo bishwe, umuntu umwe akaba ariwe yahagaritswe hadakurikijwe amategeko, hamwe n’abandi babiri bakorewe amabi afatiye ku gitsina. Egide Havugiyaremye, arongoye igisata co kumenyesha amakuru muri ligue Iteka, afatira ku karorero k’umugabo w’imyaka 60 yitwa Hussein Ciza, avuka ku mutumba Mugerama muri komine ya Nyanza-Lac iri mu ntara ya Makamba mw’ijoro ryo kw’igenekerezo rya 4 Ntwarante, yakubaguwe akanabomorerwa inzu yagirizwa uburozi. Egide Havugiyaremye agasaba ubutegetsi ko abagirizwa ivyo vyaha bakurikiranwa mu butungane.