Amakuru
23 décembre 2021

Abantu 9 barishwe, abarenga 10 barahagarikwa, n’abandi bafashwe ku nguvu

Abantu 9 nibo bishwe, 12 bahagarikwa bidaciye mu mategeko, 3 bafatwa ku nguvu. Ivyo bitigiri tubisanga mu cegeranyo ca nyuma c’ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu ligue Iteka gisohoka buri ndwi. Anschaire Nikoyagize, arongoye iryo shirahamwe, avuga ko ayo mabi akorwa cane cane na bamwe mu mu bapolisi, Imbonerakure, n’abakorera urwego rw’iperereza. Ligue Iteka irasaba leta y’Uburundi kurwanya ukudahana kugira ayo mabi ashobore guhagarara.