Amakuru
16 décembre 2021

Abantu 8 barishwe, abakenyezi barafatwa ku nguvu, hamwe n’ayandi mabi atandukanye yakozwe

Abantu 8 nibo bishwe muri iyi ndwi irangiye, muri bo 4 batowe ari ibiziga. Abakenyezi 2 barafashwe ku nguvu, abantu 4 barasinzikarijwe ubuzima, 1 yaranyurujwe hamwe n’abandi 2 bahagaritswe hadakwirikijwe amategeko. Ivyo bitigiri tubisanga mu cegeranyo ca nyuma c’ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu Iteka gisohoka ku ndwi. Anschaire Nikoyagize, arongoye ligue Iteka, amenyesha ko iruhande y’abo bishwe muri iyi ndwi, umuriro wadutse mw’ibohero rikuru rya Gitega ku wa kabiri igenekerezo rya 7 z’uku kwezi, wahitanye abanyororo 345. Iryo shirahamwe risaba leta gukora amatohoza kugira hamenyekane abantu bose bahitanywe n’uwo muriro.