Amakuru
6 janvier 2022

Abantu 8 baramenyekanye ko bishwe mu ndwi iheze, n’ayandi mabi ahohotera kiremwa muntu

Abantu 8 baragandaguwe muri iyi ndwi irangiye, abakenyezi 2 barafatwa ku nguvu, umuntu 1 asinzikarizwa ubuzima, n’abandi 6 bahagaritswe hadakurikijwe amategeko. Ivyo tubisanga mu cegeranyo c’ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu Iteka co kuva ku wa 27 Kigarama 2021 gushika ku wa 02 Nzero 2022. Célestin Ruribikiye, ajejwe kumenyesha amakuru muri ligue iteka, avuga ko bamwe mu Mbonerakure, bamwe mu bapolisi hamwe n’iperereza aribo bakora ayo mabi.