Amakuru
10 décembre 2021

Abantu 7 barishwe, abandi bakorerwa amabi atandukanye

Abantu 7 nibo bagandaguwe, 1 afatwa ku nguvu, 1 aranyuruzwa, 1 arasinzikarizwa ubuzima hamwe n’abandi 4 bahagaritswe hadakwirikijwe amategeko. Ivyo bitigiri tubisanga mu cegeranyo ca nyuma c’ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu Iteka gisohoka buri ndwi. Emmanuel Nibizi, icegera c’uwurongoye ligue Iteka, amenyesha ko ababikora ari bamwe mu Mbonerakure, abakorera urwego rw’iperereza na bamwe mu bajejwe intwaro. Ligue Iteka ikiyamiriza ukudahana kubandanya kwibonekeza mu Burundi.