Amakuru
25 février 2022

Abantu 64 barishwe mu ndwi zitatu ziheze, n’ayandi mabi harimwo ayafatiye ku gitsina

Abantu 64 nibo bishwe, 23 barahagarikwa hadakurikijwe amategeko, 5 barasinzikarizwa ubuzima, 6 baraburwa irengero, hamwe n’abandi 5 bakorewe amabi afatiye ku gitsina. Ivyo biri mu cegeranyo c’ishirahamwe Ligue Iteka co mu kiringo co kuva kw’igenekerezo rya 31 Nzero gushika ku rya 20 Ruhuhuma 2022. Célestin Ruribikiye, arongoye igisata co kumenyesha amakuru muri Ligue Iteka, amenyesha ko abaguma bakora ayo mabi ari bamwe mu bari mu nzego z’iperereza bafashijwemwo n’abapolisi hamwe n’Imbonerakure. Célestin Ruribikiye agasaba ubutegetsi gukurikirana mu butungane abagirizwa ivyo vyaha.