Amakuru
16 novembre 2021

Abantu 6 nibo bishwe mu ndwi iheze nk’uko biri mu cegeranyo ca buri ndwi ca Ligue Iteka

Abantu bagera kuri 6 nibo bamenyekanye ko bishwe mu ndwi iheze, 3 basinzikarijwe ubuzima, 1 nawe yahagaritswe bidaciye mu mategeko. Ibi bitigiri tubisanga mu cegeranyo c’ishirahamwe Ligue Iteka gisohoka buri ndwi. Nk’uko bishikirizwa na Emmanuel Nibizi, icegera c’uwurongoye iryo shirahamwe , ico cegeranyo cerekana kandi ko abantu 5 bafashwe ku nguvu, umuntu 1 aranyuruzwa. Ligue Iteka imenyesha ko abakora ivyo vyaha ari cane cane bamwe mu Mbonerakure, abasirikare, abapolisi n’abakorera urwego rw’iperereza.