Amakuru
10 novembre 2021

Abantu 6 barishwe, harakorwa n’ayandi mabi atandukanye

Abantu 6 nibo bamenyekanye ko bishwe mu ndwi iheze, 3 basinzikarizwa ubuzima, 19 bahagarikwa hadakurikijwe amategeko. Ivyo bitigiri tubisanga mu cegeranyo c’ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu Ligue Iteka gisohoka buri ndwi. Nk’uko bishikirizwa na Emmanuel Nibizi, icegera c’uwurongoye iryo shirahamwe, ico cegeranyo cerekana kandi ko abantu 2 bafashwe ku nguvu, umuntu 1 aranyuruzwa. Ligue Iteka imenyesha ko abakora ivyo vyaha ari bamwe mu Mbonerakure, abasirikare, abapolisi hamwe n’abakorera urwego rw’iperereza.