Amakuru
4 novembre 2021

Abantu 50 nibo bishwe mu kwezi kwa Gitugutu kubw’icegeranyo ca buri kwezi ca Ligue Iteka

Abantu 50 nibo bamenyekanye ko bishwe mu gihugu cose, 12 bakorerwa amabi afatiye ku gitsina, 10 barahagarikwa baraburwa irengero, 5 basinzikarizwa ubuzima, 9 nabo bahagarikwa hadakurikijwe amategeko. Ibi tubisanga mu cegeranyo c’ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu Ligue Iteka co mu kwezi kwa Gitugutu 2021. Emmanuel Nibizi, icegera c’uwurongoye Ligue Iteka, akamenyesha ko mu bakorewe amabi harimwo n’abanywanyi b’imigambwe ya politike. Abanywanyi 2 b’umugambwe CNDD-FDD barishwe, hakaba n’umunywanyi 1 wo mu mugambwe CNL yabuzwe irengero. Mu bakoze ayo mabi harimwo bamwe mu rwaruka rw’Imbonerakure, abapolisi hamwe n’abajejwe iperereza. Ligue Iteka igasaba leta gukora amatohoza, abagirizwa ivyo vyaha bagashengezwa imbere y’ubutungane.