Amakuru
2 février 2022

Abantu 5 barishwe mu ndwi iheze, harakorwa n’ayandi mabi

Abantu batanu ni bo bishwe, batatu barahagarikwa hadakurikijwe amategeko, umwe asinzikarizwa ubuzima, hamwe n’abandi indwi bakorewe amabi afatiye ku gitsina. Ivyo biri mu cegeranyo c’ishirahamwe Ligue Iteka co mu ndwi twaraye duhejeje. Egide Havugiyaremye, arongoye igisata co kumenyesha amakuru muri Ligue Iteka, amenyesha ko abakora ayo mabi ari bamwe mu bari mu nzego z’iperereza babifashijwemwo n’abapolisi hamwe n’Imbonerakure. Egide Havugiyaremye agasaba ubutegetsi gukurikirana mu butungane abagirizwa ivyo vyaha.