Amakuru
21 octobre 2021

Abantu 20 barishwe mu ndwi iheze nk’uko biri mu cegeranyo ca buri ndwi ca Ligue Iteka

Abantu 20 nibo bamenyekanye ko bishwe mu ndwi iheze, 7 baranyuruzwa, umwe asinzikarizwa ubuzima hamwe n’uwundi umwe yahagaritswe hadakwirikijwe amategeko. Ivyo bitigiri tubisanga mu cegeranyo c’ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu Iteka. Bamwe mu bapolisi, Imbonerakure, abo mu ntwaro n’abakorera urwego rw’iperereza nibo bagirizwa ayo mabi. Emmanuel Nibizi, icegera c’uwurongoye Ligue Iteka, agasaba leta kugira amatohoza ku bakoze ayo mabi kugira bashengezwe imbere y’ubutungane.