Abantu babiri nibo bishwe abandi bane barakomereka mu bitero vy’ama grenades vyabaye mw’ijoro ryo kuri uyu wa kabiri mu gisagara ca Bujumbura. Abakomeretse gushika ubu bakaba bariko baravurirwa mu bitaro bitandukanye vyo mu gisagara ca Bujumbura, hakaba harimwo n’umwe mu bakoze iryo bara nk’uko bishikirizwa na Petero Nkurikiye, umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano mu gihugu. Petero Nkurikiye akamenyesha ko abantu bane aribo bamaze gufatwa ku mvo z’amatohoza.
Amakuru
28 mai 2021