Amakuru
22 avril 2022

Abantu 2 baramenyekanye ko bagandaguwe mu ndwi iheze nk’uko biri mu cegeranyo ca Ligue Iteka

Abigeme babiri bapfungiwe mw’ibohero rikuru rya Bururi bazira musaza wabo. Uwo musaza wabo yahunze yagirizwa kurima urumogi mu rugo rwiwe. Ibi tubisanga mu cegeranyo co mu ndwi iheze c’ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu Ligue Iteka. Egide Havugiyaremye, ajejwe kumenyesha amakuru muri iryo shirahamwe, avuga ko bafashwe n’igipolisi kw’igenekerezo rya 15 Ndamukiza. Akaba avuga no ku yandi mabi yakozwe n’inzego zitandukanye, nk’akarorero k’abantu babiri bishwe muri iyo ndwi nyene.