Amakuru
18 mai 2022

Abantu 19 baramenyekanye ko bishwe, abandi baranyuruzwa, hamwe n’abakorewe amabi atandukanye

Abantu 19 nibo bamenyekanye ko bagandaguwe mu ndwi irangiye, 4 baranyurujwe baburwa irengero, hamwe n’abandi 5 bakorewe amabi afatiye ku gitsina. Ivyo bitigiri tubisanga mu cegeranyo ca ligue Iteka gisohoka buri ndwi. Egide Havugiyaremye, ajejwe kumenyesha amakuru muri iryo shirahamwe, amenyesha ko intara ya Cibitoke yonyene yatowemwo ibiziga 10. Ligue Iteka igasaba leta gushengeza abakora ayo mabi.