Amakuru
29 décembre 2021

Abantu 18 barishwe, harimwo 10 bo mu nzego z’umutekano, zatana mu mitwe n’umurwi witwaje ibirwanisho

Abantu 18 nibo bagandaguwe. Muri bo harimwo abasirikare 4 n’abapolisi 6 bahitanywe n’igitero cabereye mu Gatumba gikozwe n’umurwi w’abantu bitwaje ibirwanisho. Abantu 2 baranyurujwe hamwe n’abandi 7 bahagaritswe hadakurikijwe amategeko. Ivyo bitigiri tubisanga mu cegeranyo c’ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu Iteka gisohoka buri ndwi. Anschaire Nikoyagize, arongoye ligue Iteka, asaba leta guhagurukira ikibazo c’ukudahana n’ugukingira umutekano w’abanyagihugu.