Amakuru
26 février 2024

Abantu 16 bishwe i Gihanga, ubutegetsi bwa Gitega bwasubiye kwagiriza ubwa Kigali kuba inyuma ya vyo

Abantu 16 harimwo abasirikare 6 ni bo bamaze kumenyekana ko bahitanywe n’igitero c’umurwi waraye uteye ibirindiro bibiri vy’igisirikare c’Uburundi muri komine ya Gihanga, mu ntara ya Bubanza. Kimwe cabereye hafi y’uruzi Mpanda, ikindi iruhande y’ahitwa kwa Ndombolo, nk’uko umuhari RED-Tabara wemeye ko wagize ico gitero wabimenyesheje. Ingoro y’umugambwe CNDD-FDD hamwe n’imodoka zibiri vyarononekaye bivuye ku bisasu vyatewe muri ico gitero. Amakuru ava ng’aho i Gihanga, yemeza ko abateye bari bambaye umwambaro w’igisirikare c’Uburundi bitwaje ibirwanisho binini, bakaba bazananye mu gihugu ca Congo. Leta y’Uburundi ikaba yiyamiriza ico gitero ivuga ko ari ic’abihevyi.