Amakuru
23 novembre 2021

Abantu 14 barishwe mu ndwi iheze nk’uko biri mu cegeranyo ca buri ndwi ca Ligue Iteka

Abantu 14 nibo bamenyekanye ko bishwe, 1 afatwa ku nguvu, 2 barasinzikarizwa ubuzima, 4 baranyuruzwa, abandi 10 bahagarikwa hadakwirikijwe amategeko. Ivyo bitigiri tubisanga mu cegeranyo c’ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu Ligue Iteka gisohoka buri ndwi. Emmanuel Nibizi, icegera c’uwurongoye iryo shirahamwe, adoma urutoke kuri bamwe mu Mbonerakure, abakozi b’iperereza na bamwe mu gipolisi ko aribo bakora ayo mabi. Ligue Iteka igasaba kandi leta gukora amatohoza ataho yegamiye kugira ababikora bamenyekane bongere bahanwe.