Amakuru
13 avril 2023

Abantu 123 barapfuye mu kiringo c’amezi atatu ku bw’icegeranyo c’umuhari Iteka

Abantu 123 ni bo bamenyekanye ko bagandaguwe mu kiringo c’amezi atatu gusa, abagera kuri 4 baranyurujwe baraburwa irengero mu gihe abandi barenga 30 bakorewe amabi ashingiye ku gitsina. Biri mu cegeranyo c’umuhari Iteka uharanira agateka ka zina muntu, casohotse kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 12 Ndamukiza. Anschaire Nikoyagize, arongoye uwo muhari, amenyesha ko muri abo bishwe, harimwo abatowe ibiziga baca bahambwa gihutihuti ata matohoza akozwe ngo hamenyekane ababagandaguye. Agasaba leta gukoresha inzego zayo kugira ubutungane bukore amatohoza hanyuma bushengeze kandi bunahane abakoze ubwo bwicanyi.