Abantu 120 nibo bishwe mu gihugu c’Uburundi, 10 baranyuruzwa, abakenyezi 16 barakorerwa amabi afatiye ku gitsina, 18 baraborezwa igufa nayo 67 barafatwa hadakurikijwe amategeko. Tubisanga mu vyegeranyo bibiri vy’amezi ya Ndamukiza na Rusama kugeza kw’igenekerezo rya 23 vy’ishirahamwe Ligue Iteka. Abatungwa urutoke muri ubwo bwicanyi ni ya mirwi y’Imbonerakure hamwe na bamwe mu bajejwe umutekano. Kubwa Anschaire Nikoyagize arongoye iryo shiramwe, ngo leta y’UBurundi yategerezwa gukora igikorwa cayo co gukingira abanyagihugu, ikanashengeza imbere y’ubutungane abakora ayo mabi.
Amakuru
28 mai 2021