Amakuru
19 janvier 2022

Abantu 12 nibo bagandaguwe mu ndwi iheze, abandi bakorerwa amabi atandukanye

Abantu cumi na babiri barishwe, bane baraburwa irengero, babiri barahagarikwa hadakurikijwe amategeko, batatu barasinzikarizwa ubuzima, hamwe n’abandi batatu bakorewe amabi afatiye ku gitsina. Ivyo biri mu cegeranyo c’ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu ligue Iteka co mu ndwi iheze. Célestin Ruribikiye, ajejwe igisata co kumenyesha amakuru muri iryo shirahamwe, amenyesha ko abakora ayo mabi ari bamwe mu bari mu nzego z’iperereza babifashijwemwo n’abapolisi hamwe n’Imbonerakure. Célestin Ruribikiye agasaba ubutegetsi gukurikirana mu butungane abagirizwa ivyo vyaha.