Amakuru
4 novembre 2021

Abantu 12 barishwe mu ndwi iheze kubw’icegeranyo ca buri ndwi ca Ligue Iteka

Abantu cumi na babiri nibo bamenyekanye ko bishwe, indwi bakorerwa amabi afatiye ku gitsina, batatu basinzikarizwa ubuzima, umwe aranyuruzwa, hamwe n’abandi batanu bahagaritswe hadakurikijwe amategeko. Ivyo bitigiri tubisanga mu cegeranyo c’umuhari Ligue Iteka co mu ndwi yo ku wa 25 gushika ku wa 31 Gitugutu 2021. Emmanuel Nibizi, icegera c’uwurongoye Ligue Iteka asaba leta gufata abagirizwa ayo mabi bakongera kandi bagahanwa.