Amakuru
5 avril 2022

Abantu 12 barishwe mu ndwi iheze, abandi bakorerwa amabi atandukanye

Abantu cumi na babiri ni bo bishwe, cumi na batatu barafatwa hadakurikijwe amategeko, batandatu baburwa irengero, abandi batandatu bakorerwa amabi afatiye ku gitsina. Ivyo biri mu cegeranyo c’ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu Ligue Iteka co mu ndwi iheze. Célestin Ruribikiye, ajejwe kumenyesha amakuru muri iryo shirahamwe, amenyesha ko abaguma bakora ayo mabi ari bamwe mu bari mu nzego z’iperereza, abapolisi hamwe n’Imbonerakure. Célestin Ruribikiye agasaba leta ko yokurikirana mu butungane abagirizwa ivyo vyaha.