Amakuru
1 décembre 2021

Abantu 10 baragandaguwe, biri mu cegeranyo ca buri ndwi ca Ligue Iteka

Abantu bagera kuri 10 nibo bishwe, 2 basinzikarizwa ubuzima, 5 bahagarikwa hadakurikijwe amategko. Ivyo bitigiri tubisanga mu cegeranyo gisohoka ku ndwi ku ndwi c’ishirahamwe rihananira agateka ka zina muntu Iteka co kuva ku wa 22 gushika ku wa 28 Munyonyo 2021. Bishirikirizwa na Emmanuel Nibizi, icegera c’uwurongoye iryo ishirahamwe. Akaba adoma urutoke ku Mbonerakure, abapolisi hamwe na bamwe mu bakozi b’iperereza ko aribo bakora ayo mabi. Ligue Iteka igasaba leta y’Uburundi gukora amatohoza kugira abagirizwa ayo mabi bahanwe biciye mu mategeko.