Amakuru
20 mars 2023

Abana batanu bafashwe n’indwara y’ubukangwe batumye hamenyeshwa ko hari ikiza mu gihugu

Umushikiranganji w’Amagara y’abantu arahumuriza ko Uburundi bumaze kwerekana ko bufise ubushobozi bwo kurandurana n’imizi indwara y’ubukangwe. Yabishikirije ku munsi wa gatanu itariki 17 Ntwarante, ahejeje kumenyesha icese ko ikiza c’iyo ndwara cateye mu gihugu. Kikaba catanguriye ku mwana umwe wo mu Gatumba, komine Isale, mu ntara ya Bujumbura. Ariko mu nyuma hakibonekeza abandi bane bo mu gisagara ca Bujumbura. Muganga Sylvie Nzeyimana yemeza ko amatohoza yerekanye ko umugera wa mbere waje uvana mu gihugu kibanyi ca Congo. Avuga ko hariko harakorwa ivya nkenerwa kugira uwo mugera ntubandanye wandagara.