Amakuru
14 octobre 2021

Abamenyeshamakuru b’Abarundi baracabaza ibijanye n’igandagurwa rya Christophe Nkezabahizi

Imyaka 6 iraheze umumenyeshamakuru Christophe Nkezabahizi n’umuryango wiwe wose bagandaguwe. Urunani rw’abamenyeshamakuru mu Burundi (UBJ) rukavuga ko rubabajwe n’ukubona ata butungane canke ukuri birashirwa ahabona inyuma y’ico gihe cose. Alexandre Niyungeko arongoye urunani UBJ agatunga urutoke amatohoza atigera agira ico yerekanye. Ariko rero nk’uko ababibonye bavyemeza, ni uko Nkezabahizi n’abiwe bagandaguwe n’inzego z’umutekano zabasanze muhira. Alexandre Niyungeko aboneraho gutera intege abamenyeshamakuru bakorera mu bihe bitoroshe.