Amakuru
22 juin 2022

Abakuru b’ibihugu vya EAC bariko barumvikana uko hoboneka umutekano mu buseruko bwa Congo

Umurwi w’abasirikare baturuka mu bihugu vy’akarere ka Afrika y’ubuseruko ugiye kurungikwa mu buseruko bwa Republika iharanira intwaro rusangi ya Congo kugira ugarukane amahoro muri ako gace. Ivyo ni bimwe mu vyapfunditswe n’abakuru b’Ibihugu bigize umuryango wa EAC, mu nama yabahuje kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 20 Ruheshi 2022 i Nairobi. Iyo nama y’abakuru b’Ibihugu ikaba yakwirikiye iy’abarongoye inzego za gisirikare muri ivyo bihugu nyene yasozerewe ku munsi w’Imana uheze. Icihuta abo bakuru b’ibihugu bashize imbere ni uko intambara zohagarara muri ico gice ca Congo kugira abanyagihugu ntibabandanye bicwa ata co bazira.