Amakuru
24 décembre 2021

Abakuru b’ibihugu vya EAC barahuriza ku kwakira igihugu ca Congo muri uwo muryango

Abakuru b’ibihugu bigize umuryango wa Afrika y’ubuseruko barahurije ku cipfuzo c’iyinjira ry’igihugu ca Republika iharanira intwaro rusangi ya Congo muri uwo muryango. Hari mu nama isanzwe yahuje abo bakuru b’ibihugu kuri uno wa gatatu babicishije ku buhinga ngurukanabumenyi. Uburundi bukaba bwari bwaserukiwe n’Icegera c’umukuru w’Igihugu, Prosper Bazombanza. Akaba yakeje ico gihugu avuga ko bizofasha kurwanya imirwi y’iterabwoba mu karere. Ariko Prosper Bazombanza, yavuze ko ku vyerekeye igihugu c’Uburundi amahoro yiraye, aho yaciye ahamagarira Abarundi bahunze gutahuka.