Amakuru
8 juillet 2022

Abakuru b’Ibihugu Tshisekedi na Kagame bumvikanye ihagarikwa ry’intambara mu buseruko bwa Congo

Ibihugu vya Republika iharanira intwaro rusangi ya Congo n’Urwanda, vyarumvikanye kuri uyu wa 6 Mukakaro, ku ngingo yo guhagarika intambara mu buseruko bw’igihugu ca Congo. Iyo ngingo yafashwe mu nama yabahuje mu gihugu ca Angola, inama yari ihagarikiwe n’umukuru w’igihugu João Lourenço. Ku bw’umukuru w’Igihugu ca Congo Félix Antoine Tshisekedi, kimwe yiteze kuri uwo mugambi w’amahoro, ni uko abarwanyi b’umuhari M23 bokurwa mu birindiro barimwo mu buseruko bwa Congo. Hari haheze amezi make, Republika iharanira intwaro rusangi ya Congo yagirije igihugu c’Urwanda ko gishigikiye umurwi wa M23, ivyo igihugu c’Urwanda cagumye kibeshuza.