Inzira ya politike ni yo itegerezwa gushirwa imbere kugira ikibazo c’umutekano wo mu buseruko bwa Congo gitorerwe umuti urama. Ico ni co abakuru b’ibihugu vy’akarere ka EAC biyemeje mu nama iheruka gutumwako n’uwuramutswa ako karere, Evariste Ndayishimiye. Hari ku munsi wa mbere i Sharm el-Sheikh muri Misiri hariko habera inama yahuje abakuru b’ibihugu kw’isi COP27. Ibihugu bitanu bikaba ari vyo vyaserukiwe muri iyo nama. Intumbero ikaba yari iyo kwihweza ikibazo c’umutekano mu buseruko bwa Congo.
Amakuru
11 novembre 2022