Amakuru
26 avril 2023

Abakukuruke bagiye gutangura guhembwa amafaranga angana n’umushahara wabo wa nyuma

Inkuru nziza ku bakukuruke. Itegeko rishasha ku bijanye n’amafaranga bategerezwa guhembwa angana n’umushahara wabo wa nyuma riri hafi yo kwemezwa. Ivyo vyamenyeshejwe n’umuvugizi wa leta, Prosper Ntahorwamiye avuga ko integuro y’iryo tegeko iri mu nzira nziza. Mu kiganiro c’abavugizi b’inzego za leta co ku munsi wa mbere, yemeje ko hasigaye ko umukuru w’Igihugu ashira igikumu kw’itegeko rishira mu ngiro uwo mugambi kugira uje mu ngiro.