Amakuru
10 juillet 2024

Abakozi bo muri CNTS nta kindi bari gukora atari guhagarika akazi (D. Nzosaba)

Abakozi b’ikigo kijejwe kwegeranya amaraso CNTS ntibarota basubira mu kazi mu gihe imishahara y’ukwezi kwa gatanu n’ukwa gatandatu itabonetse. Uwuserukira abo bakozi yabimenyesheje kuri uyu wa 08 Mukakaro aho bari batanguye guhagarika akazi. Donatien Nzosaba atera akamo umushikiranganji w’Amagara y’abantu n’uw’Ikigega ca leta gufata mu mimwe ikibazo cabo kugira basubire ku mirimo.