Amakuru
1 novembre 2023

Abakozi ba OBR bazofatwa mu busuma bazohanwa hisunzwe amategeko (Audace Niyonzima)

Abakozi b’ikigo OBR gitangisha amakori n’amatagisi bifatanya n’abatangakori kugira ubusuma baragabishwa. Ivyo vyavuzwe n’umushikiranganji w’Ikigega ca leta mu nama yagiranye n’abakozi ba OBR kuri uyu wa 31 Gitugutu. Audace Niyonzima akavuga ko hariho amategeko mpanavyaha aca abafata ajanye no guhana abantu bariko barahungabanya ubutunzi bw’igihugu.