Amakuru
12 janvier 2022

Abakozi ba leta ya Tanzaniya nibo bari inyuma y’amabi akorerwa impunzi z’Abarundi muri ico gihugu

Leta ya Tanzaniya irafise uruhara mw’itotezwa ry’Abarundi bahungiye muri ico gihugu. Bivugwa na Emmanuel Nkengurutse, umuvugizi w’umugambwe UPRONA utavuga rumwe na leta. Mw’itangazo uwo mugambwe wasohoye kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 10 Nzero, wagiriza igihugu ca Tanzaniya ko ataco gikora ngo gihagarike iryo totezwa ry’impunzi z’Abarundi canke ngo gihane ababikora.