Sendika y’abarimu bo muri kaminuza y’Uburundi isaba y’uko imishahara y’abakozi ba kaminuza yosubirwamwo kuva mu kwezi kw’indwi hisunzwe itegeko ry’amafaranga reta izokoresha mu mwaka w’2023 ushira uw’2024 nk’uko yabikoreye abandi bakozi ba leta. Désiré Nisubire, arongoye iyo sendika, aremera y’uko ubushikiranganji bw’Indero bwabemereye gukurikirana ico kibazo, ariko akabusaba kugikura mu nzira mu maguru masha.
Amakuru
16 août 2023
