Amakuru
14 mai 2022

Abakorewe amabi n’ubutegetsi bwa CNDD-FDD barakeneye ubutungane bwigenga

Imyaka indwi irarumanye hashatse guhirikwa ubutegetsi bwa Petero Nkurunziza, hari ku wa 13 Rusama mu mwaka w’2015. Inyuma y’aho, abantu batari bake baragirijwe gushaka gutembagaza ubutegetsi, mu nyuma baracirirwa urubanza rwo gupfungwa ubuzima bwabo bwose. Urubanza abahinga mu vy’amategeko bavuga ko rwaranzwe n’amahinyu atari make. Nk’umushingwamanza Janvier Bigirimana, aranegura uko Sentare yaciriye imanza, avuga ko ariz’akarenganyo, abari mu mirwi itandukanye : abanyepolitike, abadaharanira ivyicaro vya politike, abashingwamanza hamwe n’abamenyeshamakuru, abantu ata sano bari bafitaniye n’abasirikare bashatse guhirika ubutegetsi. Ku bwiwe, ngo ni urubanza rwa politike rwategetswe n’umugambwe uri ku butegetsi.