Amakuru
9 janvier 2024

Abakorera leta basabwa gukorera inyungu rusangi bakavavanura n’ugukorera inyungu zabo bwite

Abasanzwe bakorera leta basabwa gukorera inyungu rusangi bakavavanura n’ugukorera inyungu zabo bwite. Bisabwa n’ishirahamwe PARCEM inyuma y’aho bigaragariye ko bamwe mu bashingwa amabanga y’igihugu bayafadikanya n’iyindi mirimo yabo kenshi ugasanga hakoreshwamwo n’uburyo bwa leta. Ku bwa Faustin Ndikumana, arongoye ishirahamwe PARCEM, abona ko vyihutirwa y’uko ibijanye n’amabanga y’igihugu n’ukwibeshaho vyosubira gutangirwa umuco kugira hatuzwe abashaka gutunga ivy’umurengera.