Amakuru
4 avril 2024

Abakenyezi ni baharanire kuja mu bibanza vy’imbere ku ntonde z’imigambwe z’amatora (AFRABU)

Abakenyezi bahamagarirwa guharanira kuja mu bibanza vy’imbere ku ntonde z’imigambwe mu matora yimirije yo mu mwaka w’2025. Ako kamo ni ak’ishirahamwe AFRABU rihurikiyemwo abakenyezi bahungutse. Hari mu nama yari yatumiwemwo abaserukira imigambwe, ku munsi wa mbere, kugira iryo shirahamwe ribereke ukuntu abakenyezi bakumiriwe ku ntonde mu matora aheruka. Godeliève Manirakiza arirongoye, asaba abarongoye imigambwe gufasha abakenyezi mu kubashira imbere ku ntonde.