Amakuru
9 novembre 2023

Abakenyezi baserukiwe ku bice 19 % mu gihe Ibwirizwa nshingiro ritegekanya 30 %

Ukudategekanya ibitigiri vy’ingene umukenyezi aserukirwa mu bibanza bifata ingingo bidaciye mu matora ngo gutuma ibitigiri vy’abakenyezi biguma biri hasi. Ivyigwa vyakozwe vyerekanye ibitigiri ku rwego rw’igihugu biri ku bice 19 % mu gihe Ibwirizwa nshingiro ritegekanya 30 %. Bivugwa na Me Alphonsine Bigirimana, ari mu bakoze ico cigwa, hari mu ruganda rwatunganijwe n’ishirahamwe BLTP ryitaho inyigisho ku mboneza mu Burundi rwabaye kuri uyu wa kabiri itariki 8 Munyonyo i Gitega.