Amakuru
8 mars 2022

Abakenyezi baracari bake mu mwuga wo kumenyesha amakuru mu Burundi, bikwiye guhinduka

Umukenyezi w’umurundikazi nta kibanza gikwiye aronswa mu bijanye no kumenyesha amakuru. Bikaba vyibonekeza ku kungene abakenyezi badaseruka mu binyamakuru co kimwe n’abagabo. Ibi bishikirizwa na Diane Ndonse, arongoye ishirahamwe ry’abamenyeshamakuru b’abakenyezi (AFJO), mu gihe amakungu yaramutse ahimbaza Umunsi mpuzamakungu wahariwe abakenyezi. Akaba yabishikirije mw’itangazo iri shirahamwe ryasohoye kuri uyu wa mbere. Diane Ndonse agasaba leta ko itegeko rigenga ibimenyeshamakuru rigiye gusohoka ryoha ikibanza gituma abakenyezi badakumirwa.