Amakuru
8 mars 2022

Abakenyezi bakwiye kwerekana ko bikwiye ko bashirwa imbere mu nzego zihambaye

Uburundi bwifadikanije n’amakungu kuri uno wa 08 Ntwarante mu guhimbaza Umunsi mpuzamakungu wahariwe umukenyezi. Kubwa Imelde Sabushimike, umushikiranganji ajejwe Iterambere ridakumira, icivugo c’uno mwaka gihamagarira abakenyezi kuba inkingi mw’iterambere ry’uburimyi n’ugukingira ibidukikije. Ibirori vyo guhimbaza uwo munsi mukuru ku rwego rw’igihugu vyabereye mu ntara ya Rumonge.