Amakuru
9 mars 2024

Abakenyezi baharanira agateka ka zina muntu mu Burundi baratotezwa (Eulalie Nibizi)

Abakenyezi baharanira agateka ka zina muntu mu Burundi bahimbaje umunsi mukuru w’abakenyezi bari mu bihe bitoroshe. Ivyo biri mw’itangazo ryasohowe n’urunani rw’abaharanira agateka ka zina muntu mu Burundi, CBDDH. Eulalie Nibizi, umuyobozi nshingwabikorwa w’iryo shirahamwe, amenyesha ko hari bagenzi babo bapfunzwe, abandi na bo bagatotezwa bazira guharanira agateka ka zina muntu. Agasaba leta kwikubita agashi.