Amakuru
17 juillet 2024

Abakenyezi bahamagarirwa kwitabira ibikorwa vya politike mu Burundi

Abakenyezi b’Abarundi bahamagarirwa kwitabira ibikorwa vya politike biciye mu migambwe. Akamo katewe kuri uyu wa gatatu i Bujumbura mu nama yahuje abakenyezi b’abashingamateka n’abakenguzamateka hamwe n’abandi bakenyezi b’imboneza mu gisagara ca Bujumbura. Pascasie Nduwimana, arongoye ishirahamwe ry’abakenyezi b’abashingamateka n’abakenguzamateka, ahamagarira leta y’Uburundi kwubahiriza uburenganzira abakenyezi bahabwa n’amategeko. Ku bwiwe, kwubahiriza ayo mategeko birakenewe kugira bifashe abakenyezi kugira uruhara rwabo mw’iterambere ry’igihugu.