Amakuru
16 septembre 2021

Abajejwe umutekano n’Imbonerakure nibo batera umutekano muke mu Burundi

Abantu 11 nibo bamenyekanye ko bishwe mu ndwi iheze, abakenyezi 4 bafatwa ku nguvu, umuntu 1 aranyuruzwa, hamwe n’abandi 2 basinzikarijwe ubuzima. Ivyo bitigiri tubisanga mu cegeranyo c’ishirahamwe Iteka gisohoka ku ndwi. Emmanuel Nibizi, icegera c’uwurongoye Ligue Iteka akamenyesha ko abakora ivyo vyaha ari bamwe mu Mbonerakure, abasirikare, abapolisi hamwe n’abakorera urwego rw’iperereza.