Amakuru
22 janvier 2022

Abajejwe iperereza mu ntara barahinduwe. Ni kubera iki?

Bamwe mu bakozi b’Iperereza baherutse guhindurirwa ibibanza bakoreramwo bazwi mu mabi menshi harimwo kunyuruza abantu. Bishikirizwa na Pacifique Nininahazwe, arongoye FOCODE. Uwo arongoye FOCODE n’isekeza Ndondeza amenyesha ko igitangaje ari uko abo bakora ayo mabi batigeze bahagarikwa ngo bongere bahanwe. Pacifique Nininahazwe yongera akavuga ko abarongoye iperereza mu ntara zose bava mu bwoko bumwe bw’Abahutu. Ivyo navyo bikabandanya kwerekana uguhonyanga amasezerano y’amahoro n’ukunywanisha Abarundi ya Arusha.