Amakuru
14 mars 2023

Abajejwe intwaro nta burenganzira bahabwa n’amategeko kugira bace imanza

Umukuru w’Igihugu ariko arahuvya abanyagihugu mu kubasaba kubanza kwitura abajejwe intwaro ngo babuzurize imbere y’uko bitura ubutungane. Bisigurwa n’umushingwamanza Vital Nshimirimana aho amenyesha ko abajejwe intwaro basanganywe ivyo bafasha abanyagihugu mu mabanga yabo. Ku bw’uyo yanonosoye ivyigwa vy’amategeko, ngo igikorwa kijanye no guca imanza gikorwa n’abacamanza bavyigiye, na bo bagashirwaho n’itegeko ari na ryo ribaha ubwo bubasha.