Amakuru
24 avril 2024

Abajejwe intwaro n’igipolisi barahagurukiye ubusuma muri Mutanga Sud (R. Nibasumba)

Ubusuma bwabaye ndanse muri karitiye Mutanga Sud, ya komine Mukaza, mu gisagara ca Bujumbura, ntibukiri agaseseshwarumuri. Uwurongoye iyo karitiye, Révérien Nibasumba, aravyiyemerera. Atanga uburorero butari buke bumaze guterwa mu kiringo kitarenga indwi zibiri gusa. Mbere hakaba n’inama yari itegekanijwe kuri uno wa gatatu kugira bige ingene ubwo busuma bwotuzwa.