Amakuru
14 mars 2023

Abajejwe intwaro basabwa guhanura abanyagihugu imbere y’uko bitwara mu butungane

Abajejwe intwaro bahamagarirwa gufasha ubutungane mu kutaburemereza imanza izo ari zo zose. Ivyo vyasabwe n’umukuru w’Igihugu. Hari ku munsi wa gatandatu w’indwi iheze aho abakorera mu gisata c’ubutungane bari baramutse bamwipfuriza umwaka mushasha mwiza. Ku bwa Evariste Ndayishimiye, umunyagihugu wese imbere yo kuja mu butungane, yotegerejwe kuja gusaba impanuro musitanteri canke buramatari.