Amakuru
14 février 2023

Abahema boba bariko barakorerwa ihonyabwoko mu ntara ya Ituri, bikozwe n’abo mu bwoko bw’Abalendu

Abaserukira Abacongomani bo mu bwoko bw’Abahema baba mu ntara ya Ituri baratabaza amakungu ko bariko barakorerwa ubwicanyi n’umurwi wa CODECO, ukomoka ku bwoko bw’Abalendu baba muri iyo ntara nyene. Uwo murwi ukaba udasiba gutegura ibitero bihitana Abahema. Umushingwamanza Jospin Mateso Savo, icegera c’uwurongoye ubwoko bw’Abahema mu vy’intwaro, amenyesha ko ivyo vyose bikorwa abasirikare ba Congo barorera co kimwe n’abasirikare ba MONUSCO, bakabifata kuba bashigikiye ubwo bwicanyi bariko baragirirwa.